Radioitahuka

PRES. NKURUNZIZA YAKIRIWE N'ABANTU BESHI CYANE UBWO YARI ASESEKAYE I BUJUMBURA

Informações:

Sinopsis

Barundi,Barundikazi, Ncuti z'Uburundi, 1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yaduhaye Igihugu ciza c'Uburundi, gitemba amata n'ubuki. Nihabwe icubahiro. 2. Kuri uno musi uri hejuru, twagira dushimire bimwe bivuye ku mutima inzego z'igihugu z'ukwivuna abansi no gucungera umutekano ku bwira n'ubukerebutsi zaraye zerekanye mu guhagarika umugambi ugayitse wo gutembagaza inzego zitorewe n'abenegihugu. 3. Iyo migumuko imaze imisi nta kindi yazanye mu gihugu cacu atari amarira n'amaganya mu miryango, igihombo ku gihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ari na ho ako kaguma katanguriye mu duce tumwe tumwe turi ku rushi. 4. Abarundi barayamaze bati "Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro". Abo bahanuwe nabi nibirimbure bamenye ko Uburundi n'Abarundi twamaze gutera intambwe iboneka ya demokarasi, kandi ko tutazigera twihanganira uwo wese azogerageza kuyisubiza inyuma. 5. Biragaragara kandi ko iyo migumuko yatanguye gutegurwa kuva kera, kuva mu mwaka uheze, eka n'imbere yaho. Intumbero yayo kwari ugushaka gusen