Radioitahuka

AFRICA YEPFO YATSINZE URUBANZA KU BUHUNGIRO YAHAYE GEN KAYUMBA NYAMWASA

Informações:

Sinopsis

HOST: Serge Ndayizeye TOPIC: ME KENNEDY GIHANA : AFRICA YEPFO YATSINZE URUBANZA KU BUHUNGIRO YAHAYE GEN KAYUMBA NYAMWASA Uwunganira Kayumba mu mategeko, Maitre Kennedy Gihana, yabwiye BBC ko, umucamanza yasobanuye ko leta ya Afrika y'epfo yahaye ubuhungiro general Kayumba, ikurikije amategeko mpuzamakungu agenga impunzi, amategeko ya Afrika agenga impunzi, ndetse n'amategeko yo muri Afrika y'epfo nyene. Umushingwamanza Kennedy Gihana, yemeye ariko y'uko amashirahamwe yareze, ashobora kunguruza urubanza, hamwe yoramuka adashimye iyi ngingo ya sentare. General Faustin Kayumba Nyamwasa, yigeze kuba umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare c'Urwanda, yahungiye muri Afrika y'epfo mu ntango z'umwaka wa 2010.