Radioitahuka
IBITERO BYA FDLR CYANGWA BYITIRIRWA FDLR MU RWANDA
- Autor: Vários
- Narrador: Vários
- Editor: Podcast
- Duración: 1:42:00
- Mas informaciones
Informações:
Sinopsis
Umuvugizi wa FDLR, Laforge Fils Bazeye, yabariye BBC ko bateye ahahoze hitwa Mutura na Rwerere, prefecture ya Gisenyi. Bwana Bazeye yavuze kandi ko batse igisirikare c'u Rwanda inkoho zirenga mirongo ibiri, ngo kandi imirwano iracakomeza, aba FDLR bakaba ngo bakiri muri ako karere. Abajijwe aho bateye bazanana mu gihe igice ca Kongo cegeranye n'u Rwanda bociyemwo ubu kigenzurwa na M23, umuvugizi wa FDLR yavuze ko aho bateye bava ari ibanga ryabo. Ejo kuwa mbere umuvugizi w'igisirikare c'u Rwanda yabariye BBC ko abasirikare ba FDLR bari hagati y'120 n'150, bagavye igitero mu tugari twa Kabuhanga, Hehu na Muti. Brigadier General Joseph Nzabamwita yabandanije avuga ko abasirikare b'u Rwanda bashoboye kunesha abo ba FDLR, bicamwo batandutu bafata abandi babiri.